Uko wahagera

Ubulaya Bwahagaritse Imfashanyo ku Burundi


Inama y’ishirahamwe ry’Ubulaya ijejwe imigenderanire hamwe n’umutekano yarangije imibonano yariko iragira na reta y’Uburundi ijanye n’ingingo ya 96 y’amasezerano ya Cotonou. Abategetsi bagize iyo nama, bamenyesha ko batashimishijwe n’ivyo reta y’Uburundi ivuga ko yaranguye mu mugambi wo gutorera inyishu ibibazo biri mu gihugu.

Abo bategetsi bamenyesha kw’ishirahamwe ry’Ubulaya ryahagaritse imfashanyo risanzwe riha reta y’Uburundi, irimwo amafaranga yahora iyiha mu bikorwa vya misi yose mu mwaka. Ariko, ishirahamwe ry’Ubulaya ryatangaje ko rizobandanya gutanga imfashanyo zija ku banyagihugu hamwe n’imfashanyo iginewe abanyagihugu mu buzima bwabo bwa misi yose.

Mu ngingo zafashwe kandi, inama y’ishirahamwe ry’Ubulaya yashikirije ibintu bikuru bikuru, reta y’Uburundi isabwa kurangura, kugira imigenderanire itagira agahonzi, isubire gutangura.

Feredica Mogherini, ajejwe imigenderanire mw’ishirahamwe ry’ibulaya, yavuze kw’iryo shirahamwe, rigitewe amakenga n’ibibera mu Burundi, naho hamaze imisi hasa n’ahabonetse agahengwe. Mogherini agira ati, ivyo dusaba birashobora kurangurwa habonetse ubushake. Ati ivyo dusaba bishingiye ku ngingo zavuye mu vyasabwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afurika, ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu karere k’ubuseruko bwa Afurika hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Avugana n'ibiro vy'Abongereza bijejwe gutara amakuru, Reuters, umushikiranganji w’Uburundi ajejwe imigenderanire hamwe n’ugufashanya n’amakungu Alain Aime Nyamitwe yagize ati, "twama twakeneye uburyo bwo gutorera inyishu ingorane zihanze igihugu cacu, yamara iyo ngingo y’ishirahamwe ry’Ubulaya ntivuga ko reta y’Uburundi izoca ihagarika ibikorwa vyayo. Ati hariho ubundi buryo bwo gutunganya ubuzima bw’igihugu, kandi reta izobandanya gukora."

XS
SM
MD
LG