Uko wahagera

Turukiya: 34 Basize Ubuzima mu Gitero c’Abihevyi


Muri Turukiya, abantu bashika 34 nibo barishwe bahitanwe n’ikibombe caturitse ku murwa Ankara ejo k’umusi wa mungu.

Umushikiranganji wa Turukiya w’amagara y’abantu Mehmet Muezzinoglu yamenyesheje ko abashika 125 bakomeretse baciye bajanwa mu bitaro bitandukanye vyo mu murwa mukuru Ankara.

Uyu mushikiranganji Muezzinoglu amenyesha kandi ko ico gitero cabereye hafi y’ahitwa Kizilay, hari amaduka kandi hari ibituro vy’imiduga yunguruza abantu.

Ni hafi y’ubuserukizi bw’ibihugu bitari bike hamwe n’inyubakwa za reta.
Ico gitero kibaye inyuma yaho hari haheze imisi ibiri ubuserukizi bwa Amerika muri Turukiya busohoye urwandiko rugabisha ko hasobora kuba igitero k’umurwa mukuru Ankara, urwandiko rwasaba abanyamerika kwirinda kugendera mur’ico gice.

XS
SM
MD
LG