Uko wahagera

Mali: Ubwicanyi mu Basirikare ONU


Umusirikare yamuka mu gihugu ca Cadi wo mu nteko za ONU yarishe arashe abasirikare babiri bagenzi we, akomeretsa uwugira gatatu mu buraruko bwa Mali ejo ku musi wa mungu.

Umuvugizi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Radhia Achouri amenyesha ko hari uwundi musirikare yafashwe kumusi wa gatandatu yagirizwa kurasa bagenzi we ahitwa Tassalit, mu ntara ya Kidal muri Mali.

Ubu bwicanyi bubaye ubugira kabiri mu kiringo kiri musi y’indwi zitatu.

Mur’iyo ntara ya Kidal kw’italiki 25 z’ukwezi kwa kabiri, umusirikare yamuka muri Cade wo mu nteko za ONU yarishe umu komanda wiwe hamwe n’umuganga w’izo nteko.

Ni mugihe hari haheze indwi zitatu hari uruhagarara rufatiye kuburyo abo basirikare babayeho ndetse n’ibijanye n’imishahara.

Mu myaka iheze, abasirikare 2000 bamuka muri Cade bahisemwo guta imirimo yabo bivanye n’izo ngorane z’imishahara n’uburyo bafatwa kubijanye n’uburyo bwo kubaho.

XS
SM
MD
LG