Uko wahagera

USA: Ben Carson Yashyigikiye Donald Trump


Muri Amerika, Ben Carson yahoze ari umukandida yarondera guhagararira umugambwe w’Abarepublika mu matora y’umukuru w’igihugu azoba muri Reta zunze ubumwe z'Amerika mu kwezi kw’icumi na rimwe kw’uyu mwaka yatangaje ko ashigikiye Donald Trump uno musi ku wa gatanu.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru muri Reta ya Florida, Ben Carson yatangaje ko yavuganye na Trump asanga hari vyinshi bahuriyeko.

Trump yavuze ko Carson ari umuntu adasanzwe kandi ari umugenzi.

Bompi batangaje ko barengeye igihe banebagurana mu gihe c’ukwiyamariza kurondera kugenwa n’umugambwe w’Abarapublika kuwuserukira mu matora yo mu kwezi kw’icumi na rimwe.

Carson avuga ko yari politike.

Muri iki gihe, Donald Trump amaze gushigikirwa n’abahoze bahiganwa nawe babiri. Bulamatari wa Reta ya New Jersey, Chris Christie yamushigikiye mu kwezi guheze.

Carson yahagaritse igikorwa ciwe c’ukwiyamamaza mu ntango z’ukwezi kwa gatatu inyuma yuko atavyifashemwo neza mu matora ya mbere ariko araba.

Ingingo ya Carson y’ugushigikira Trump ibaye imbere y’amatora ya mbere muri Reta ya Florida ku musi wa kabiri w’indwi iza.

Florida n’imwe mu ntara zikomeye cane mu gikorwa c’uguhiganirwa amatora yo mu mwaka w’2016.

XS
SM
MD
LG