Uko wahagera

Abasilikare ba Sudani y’Epfo Biciye Abantu 60 muri Konteneri.


Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka kazina muntu Amnesty International ryagiriza abasirikare b’igihugu ca Sudani y’amajepfo ko bishe abantu bashika 60 bagizwe n’abagabo hamwe n’abasore.

Muri Raporo iryo shirahamwe ryasohoye taliki 10 ukwezi 3 umwaka wa 2016, Amnesty International imenyesha ko abasirikare ba Sudani y’Epfo bugaraniye abo bantu muri konteneri bapfa kubwo kubura impwemu.

Amnesty isaba ko abakoze ivyo boshikirizwa ubutungane.

Amakuru atangwa n’imiryango yabo, amenyesha ko abo bantu bari bagizwe n’abungere b’inka, abadandaza hamwe n’abanyeshure.

XS
SM
MD
LG