Uko wahagera

USA: Ibindi Bihano Vyerekeye Ubutunzi Kuri Irani


Reta zunze ubumwe z’Amerika imenyesha ko igiye kwongera gufatira ibihano igihugu ca Irani inyuma yaho ico gihugu kirungikiye misile mu kirere ku musi wa gatatu.

Senateri arongoye komite ijejwe ivy’imigenderanire n’amakungu muri Sena ya Amerika Bob Corker, amenyesha ariko arakorana n’abashingamateka bo ku mpande zose kugira bongere bafatire ibihano Irani.

Ibihano muvy’ubutunzi vyari vyarafatiwe Irani vyahanaguwe inyuma yaho hasinyiwe amasezerano y’ivya nikeleyeli na Irani.

Ivyo bihano bishasha bizoba vyerekeye ku butunzi Irani gifise kw’isi.
Perezida wa Amerika Barack Obama yari yaragabishije Irani ko mu gihe coca kubiri ku masezerano ya Nikleyeli ata nkeka ibihano bizosubizwaho.

XS
SM
MD
LG