Uko wahagera

Uganda: Ikibazo cy'Amajwi y'Amatora muri Sentare


Amama Mbabazi
Amama Mbabazi

Muri Uganda, Amama Mbabazi yahoze ari umushikiranganji wa mbere yatangaje kw’igipolisi ejo ku musi wa gatatu cinjiye mu biro vy’abashingwamanza biwe. Yasobanuye ko batwaye ivyuma vya mudasobwa n’inzandiko zirimwo ivyashikirijwe n’ivyabona ku busuma bwabaye mu matora yabaye mu gihugu kw’italiki cumdi n’umunani z’ukwezi kwa kabiri.

Mbabazi yari umukandida mu matora y’umukuru w’igihugu. Ariko yitwarira ugusubira gutorwa kwa Perezida Yoweri Museveni muri sentare kizigenza ya Uganda. Avuga ko amatora yaranzwe n’ubusuma bukomeye.

Vyari bitegekanijwe ko umurwi w’abamuburanira bashikiriza ivyemezo muri sentare kizigenga y’igihugu ejo ku musi wa gatatu. Nyamara Mbabazi yatangaje ko gusahura inzandiko z’ivyabona vyageramiye urubanza rwabo.

Mbabazi avuga ko ivyabona babonye abantu bambaye impuzu z’igipolisi binjiye mu biro vy’abashsingwamanza biwe. Amenyesha ko hari ivyabona bashika bane.

Mbabazi avuga kandi kw’igipolisi cahagaritse abamushigikiye n’abashobora kuba ivyabona.

Igipolisi ca Uganda kirahakana ivyatangajwe na Amama Mbabazi, kikaba camenyesheje ejo ku musi wa gatatu ko cashizeho umurwi ujejwe gutohoza ivyabaye.

XS
SM
MD
LG