Uko wahagera

Turukiya Yiyemeje Kwakira Impunzi


Syrian refugees, March 5, 2016.

Syrian refugees, March 5, 2016.

Abakuru b’ibihugu bigize umuryango w’Ubumwe bwa Buraya bamenyesheje ko bapfunditse amasezerano na Turukiya ko kigiye kwakira impunzi ziharurwa mu bihumbi bari kumugabane wa Burayi.

Bamenyesha ko amasezerano bwite azosinywa mu nama y’abakuru b’ivyo bihugu igiye kuba mu ndwi iza italiki 17 z’uku kwezi.

Ivyo bibaye mugihe hari haheze amezi atari make ibihugu 28 bigize ubumwe bwa buraya bitavugarumwe kur’ico kibazo c’impunzi.

Abo bakuru b’ibihugu vya Buraya bemeranije guha ayandi mafaranga igihugu ca Turukiya kugira kibashe gufasha izo mpunzi.

Bemereye Turukiya ko bagiye kworohereza abanyagihugu ba Turukiya bipfuza kwinjira mu Burayi mukubaronsa ama Visa bitagoranye kandi ko bagiye kwihutisha ikibazo c’iyinjira rya Turukiya mu muryango wa Buraya.

Perezida w’Ubufaransa Francois Hollande yamenyesheje ko iyo nama yatanze ivyizigiro ko ikibazo c’impunzi gishobora gutorerwa umuti biciye mu mwumvikano no kugiranira imigenderanire na Turukiya.

XS
SM
MD
LG