Uko wahagera

Burundi: Abakekwaho Kudeta Bitabye Ubujurire


Ku ncuro ya mbere ruburanishwa mu gisata c’iyungururizo, urubanza rw’abagirizwa gushaka guhirika ubutegetsi rwitabwe n’abo rwerekeye 26 kuri 28. Abagera kuri 13 muribo nta vyireguro bari baje bitwaje kandi ntavyo bari bashikirije sentare imbere y’iri sango ryo kuruyu wa mbere.

Muribo harimwo Jenerali Cyrille Ndayirukiye yigeze kuba umushikiranganji w’ukwivuna abansi na komiseri wa polisi Zenon Ndabaneze.

Aba basavye sentare kubasubiza abashingwamanza babo bataramuwe mu kwezi kwa 12 umwaka w’i 2015. Basiguye ko ingaruka mbi ry’itaramurwa ry’ababunganira aribo zagarutseko kuko batswe uburenganzira bw’ukunganirwa baca babaza ko amategeko yoba yankira abashingwamanza babo gusubira gusasa mu ntahe z’icese zo mw’iyungururizo.

Umukuru w’intahe yabahebuje kuvyo basaba. Imvo yatanze n’uko ababuranyi ataribo bavugira abashingwamanza mu gihe bobo batigeze bandika na rimwe babisaba.

Akarorero nka Jenerali Ndayirukiye yandikiye umukuru wa sentare ntahinyuzwa kw’itariki ya 3 ukwezi kwa gatatu amusaba ko abashingwamanza biwe batatu bokwemererwa gusubira kumwunganira . Umukuru w’intahe yamubwiye ko yanditse ikiringo cararenganye kuko kuva mu kwezi kwa mbere gushika mukwa gatatu haciye igihe kinini amategeko atemera ko umuntu yokunguruzamwo.

Ariko sentare yemereye Jenerali Ndayirukiye na komiseri wa polisiNdabaneze kurondera abandi bashingwamanza bashasha bo kubunganira. Ikiringo c’ukwezi kumwe nico bahawe kugira babe baronse abo babafasha kuburana. Uwundi mugwi ugira kabiri w’abatari bazanye ivyireguro ugizwe n’abantu 6.

Umushingwamanza wabo yasiguye ko yamenyeshejwe ko azobunganira ku musi wa gatanu w’indwi iheze. Uwu yatanzwe n’umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu.

Abandi batanu basigaye harimwo komiseri wa polisi Helmenegilde Nimenya wasanga umushingamwanza wabo ari mu rugendo hanze y’igihugu canke ataronse akanya gakwiye ko gushikiriza ivyireguro vyabo.

Bose bemeye ko mu misi mike bazoshikiriza sentare ivyireguro .

Abandi bari bitavye mu ntahe y’icese yo kuruyu wa mbere n’abantu batanu ku ndwi bejejwe n’ubutungane kw’itaruiki ya 15 ukwezi kwa mbere.

Babiri muribo ntibitavye. Mbere umwe Koloneli Richard Hagabimana asanzwe afise ubwenegihugu bw’ubugiriki ubu akaba ari murico gihugu.

Aba bidegemvya umushikirizamanza wa Repubulika yasavye ko sentare yobiyegereza bakaburana bava hafi,ivyo abari bahari batahuye kw’ashaka gusaba ko basubizwa mu mvuto.

Turetse umushikirizamanza kizigenza wa Republika yunguruje avuga ko urubanza rwaciwe rutamushimishije, n’abafungwa 21 basigaye mw’ibohero rya Gitega barunguruje.

Abandi bunguruje n’ubushikiranagnji bw’ukwivuna abansi n’ubwumutekano, umugambwe uri ku butegetsi CNDD/FDD hamwe na Radio Television Rema. Uwu mugwi wunguruje usaba indishi z’akababaro wari watse mu rubanza rwa mbere ariko sentare ntiyawishura ivuga ko hagikenewe ayandi matohoza.

Mu rubanza rwaciwe mu kwezi kwa mbere, sentare yari yafashe ibihano bikurikira. Abasirikare babiri n’abapolisi babiri bafise ipete rya Jenerali baciriwe umunyororo w’ubuzima bwabo bwose, icenda bahanishwa umunyororo w’imyaka 30, umunani bakatirwa gufungwa imyaka 5 hanyuma indwi barezwa.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:29 0:00

XS
SM
MD
LG