Uko wahagera

Uburayi Burasaba Turukiya Kutarekura Impunzi


Impunzi n’abimukira baharurwa mu bihumbi baracazibiriwe kurubibe igihugu c’Ubugiriki gihana na Masedoniya.

Ni mugihe abakuru b’ibihugu bigize ubumwe bwa Buraya bariko bitegura guhura n’abategetsi ba Turukiya kugira bavugane kukibazo c’abo bimukira mu nama ibahuza kur’uyu wa mbere I Buruseli mu Bubirigi.

Abakuru b’ibihugu vya Buraya bategekanya kugondoza Turukiya kugira kigabanye igitigiri c’impunzi zinjira ku mugabane wa Buraya ziciye ku nkengera za Turukiya.

Bagiye gusaba kandi Turukiya kwakira impunzi zitazoba zemerewe ubuhungiro n’ibihugu vya Buraya.

Impunzi zababa ibihumbi 14,000 nizo ziri mu makambi yubatswe kurubibe rw’Ubugiriki na Masedoniya, zifise ivyizigiro ko zizokwemererwa kwinjira mu Buraya.

XS
SM
MD
LG