Uko wahagera

Maleziya: Ababuriye mu Mpanuka Baracyashakishwa


Imiryango y’abasize ubuzima mw’isanganya ry’indege y'isosiyete ya Maleziya bamenyesha ko bazoguma bishuza gushika bamenye icateye iyo sanganya

Iyo miryango ejo kuwa mungu yarituye abategetsi ba Maleziya ibasaba kubandanya barondera iyo ndege.

Iyo ndege yazimiye muburyo budasobanutse italiki umunani z’ ukwezi kwa gatatu umwaka w’2014 mugihe yar’ivuye I Kuala Lumpur kumurwa mukuru wa Maleziya igiye I Beijing mu Bushinwa. Yar’itwaye abantu 239 hamwe n’abakozi bayo.

Abategetsi b’ibihugu vya Ositaraliya, Maleziya n’Ubushinwa bafise umugambi wo guhagarika ibikorwa vyo kurondera iyo ndege, ibikorwa babona ko bizotwara imiliyoni 130 z’amadolari mugihe bigaragara ko ataco bariko barashikako.


XS
SM
MD
LG