Uko wahagera

Iraki: Bombe Yahitanye Abantu Mirongo


Muri Iraki, abantu 47 nibo bapfuye bahitanwe n’igitero c’abiyahuzi cabereye mu gisagara ca Hilla kiri ku bilometero 115 mu bumanuko bwa Baghdad ejo ku musi wa mungu. Abarenga 40 barakomeretse

Umugwi w’intagongwa wa Reta ya Kiyisilamu wariyemereye ko ariwo wagavye ico gitero.

Umutegetsi mugipolisi ca Iraki yamenyesheje ko uwo mwihevyi yari atwaye ikamyo y’igitoro itezemwo ikibombe aca aja aho abajejwe umutekano bategerezwa gusaka imodoka imbere yo kuzireka ngo zinjire mu gisagara.

Yaturikije ico kibombe mumiduga myinshi yari itonze umurongo irindiriye gusakwa.

Mu bapfuye barimwo abasivile hamwe n’abajejwe umutekano.
Kuva mu ntango z’uyu mwaka wa 2016, abasivile barenga 2000 nibo bamaze gusiga ubuzima mubitero bibera muri Iraki

XS
SM
MD
LG