Uko wahagera

Burundi: Kunywanisha Abarundi ni Kamara


Ku munsi w'ubumwe
Ku munsi w'ubumwe

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yatanguje kur’uno wa gatanu mu ntara ya Kayanza , isemo igira kabiri y’ibikorwa vy’umurwi w’igihugu ijejwe gutohoza ukuri ku vyabaye muri kahise no kunywanisha no kunywanisha abarundi. Umushingantahe Nkurunziza ahamagarira abagize uwo murwi gukora nk’abikorera ukuri ku vyabaye kukamenyekana.

Iyo semo iryo guhimiriza abarundi kugira bazotange umuco ku vyabaye muri kahise k’Uburundi, igikorwa kirindiriye abagize umurwi CVR. Musenyeri Jean Louis Nahimana ari kw’isonga ry’uwo murwi ashima iyi ntambwe ya kabiri umurwi arongoye ugiye gutera mu kumenya ukuri.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yuguruye iyo semo ya kabiri, yagarutse kuri kahise kasutamitse Uburundi. Umukuru w’igihugu yanatanze akarorero ku rupfu rw’incungu y’intahe y’ukwikukira n’umuryango wiwe. yiteze ibikorwa vyiza vy’umurwi ujejwe gutohoza ukuri ku vyabaye mu Burundi.

Abanyakayanza biteze ko uwo murwi ugiye gukora ataho uhengamiye. Babwiye Ijwi ry’Amerika ko uwo murwi wari waratevye; bakawusaba gukora ni ngoga kugira ukuri kumenyekane ku vyabaye bivugwa nk’ibihuha.

Musenyeri Justin Welby aserukira idini rya Anglicane kw’isi ubu ari mu rugendo hano mu Burundi babonanye n’umukuru w’igihugu c’Uburundi. Musenyeri Pio Ntukamazina arongoye Ishengero Anglicane mu Burundi yamenyesheje ku ivyo bavuganye n’umushitsi, ahanini vyari bishingiye ku kurekuriranira hagati y’abarundi.

Isemo ya mbere mu kiringo c’umwaka umwe hafi n’igice; umurwi CVR wariko utegura amategeko n’ayandi mabwirizwa uzisunga mu bikorwa vyawo; amahugurwa ku bakozi no kubagize uwo murwi.

Ibirori vyo gutanguza isemo ya kabiri iraba ibikorwa vy’umurwi w”igihugu ijejwe gutohoza ukuri ku vyabaye mu Burundi kuva mu mwaka w’1962 gushika mu mwaka w’2008. AHo mu kayanza, byari vyitabwe n’abaserukira ibihugu vy’abo mu Burundi, abashingamateka, abakenguzamateka, bamwe mu bashikiranganji ba reta y’Uburundi n’abandi ba nyacubahiro.

XS
SM
MD
LG