Uko wahagera

Burundi: Haravugwa Ibisigarira vy'Abantu


Urupangu rwazuwemwo ivyo bisigarira vy’abantu ruri hagati y’ibarabara rya munani n’icenda muri karitsiye ya Mutakura mu buraruko bwa Bujumbura. Urwo rupangu rurimwo inzu zishika kuri zitandatu. Izo nzu biraboneka ko ata bantu bakihaba.

Ibisigarira vy’abantu vyari bihari vyari mu mifuko. Uduhanga twaboneka ko atari utwavuba nayo imibiri yanuka rwose.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa avuga ko bamwe mu bahora bakora ububisha bishikanye aribo berekanye ico kibanza. Anemeza k’umwe mu bafashwe yiyemerera icaha.

Abagabo babiri bafashwe bose bahakanye icaha. Umwe muribo yavuze ko yabonye abajejwe umutekano bamuyora mw’isoko mu kinama aho asanzwe akorera. Uwundi nabo yavuzeko ari umurimyi arimira mururwo rupangu kandi ko abesherwa.

Muriyi misi hari amakuru avuga ko abo bishikana bahabwa amafaranga ibihumbi 500 iyo bafatishije umuntu umwe gusa kandi ko inzirakarengane nyinshi zihagwa.

Mu kwezi kwa mbere, ishirahamwe ryitaho agateka ka zina muntu Amnesty International ryasohoye raport ryagiriza Leta y’Uburundi ko yahamvye mu binogo abantu benshi icarimwe fosses communes mu gifaransa.

Abantu rero Leta yemera ko yahamvye ni 58.50 ngo bahambwe muri zone ya Knayosha mu buanauko bwa Bujumbura abandi 8 bafubwa mw’itongo ry’abapfuye ryo ku mpanda muri komine Gihanga mu nytara ya Bubanza.

Kuva mu kwezi kwa kane umwaka uheze, icegeranyo ca ONU kivuga ko abantu barenga 430 bishwe abarenga ibihumbi 240 bahungira mu bihugu bibanyi

XS
SM
MD
LG