Uko wahagera

Ubusuwisi Bwitabiriye Kamarampaka ku Bimukira


Mu Busuwisi, abanyagihugu bariyamirije integuro y’itegeko risaba gusubiza mubihugu vyabo abanyamahanga bagirizwa ivyaha bito bito.

Site ya internete ya reta itangaza ko integuro yiryo tegeko ryashikirijwe n’umugambwe umwe yasubijwe inyuma mumatora yabaye ejo ku musi wa mungu, kumajwi 59 kw’ijana.

Mu nteguro y’iryo tegeko, abanyamahanga bosubizwa iwabo inyuma yaho bahejeje ibihano vyabo mumunyororo, iyo bagiriwe ivyaha bikomeye nko kwica, gufata umuntu kunguvu, kwiba hakoreshejwe ibigwanisho, canke uwufise ivyaha bibiri bito bito mukiringo c’imyaka 10, nko gutwaza umuduga n’umuvuduko mwinshi, kwiba munzu y’abandi, canke gushwana n’umupolisi.

Itegeko kuriryo tora rya Referendumu, ntiryategekanya ko imanza zisubigwamwo, ivyo bigasigura ko uwagiriwe uwariwe wese aca asubizwa mugihugu ciwe camavuko naho vyogenda gute.

Abashigikira iryo tegeko bavuga kw’igihugu c’Ubusuwisi coca kigirangwamwo amahoro, bakerekana ivyegeranyo vyerekana ko abanyamahanga aribo benshi mubusho kurusha abandi.

Mu Busuwisi, abanyamahanga bangana n’igice kimwe kuri bine vy’abantu babayo.

XS
SM
MD
LG