Uko wahagera

Amerika Izakaza Urugamba ku Mutwe wa ISIS


Obama
Obama

Perezida wa reta zunze ubumwe z'Amerika Barack Obama yarabonanye n’abategetsi bakuru begwa n’ikibazo c’umutekano muri Amerika kugira bavugane uko bakwiye kurwanya umugwi w’intagondwa wa Reta ya Kiyisilamu.

Abo bategetsi bagizwe n’abakora mubiro vya Perezida, abo muri deparotema ya reta, abashinzwe igendereza, abo muri departema yo kwivuna umwansi hamwe n’abajejwe ikigega ca reta.

Uyo mubonano uri mu mibonano imaze imisi iba kugira bihweze aho ibikorwa vya reta y'Amerika vyo guhasha umugwi wa Kiyisilamu bigeze.

Perezida Obama amenyesha ko intambara ziriko zibera muri Iraki na Siriya ari zimwe muzagoye kurwanya kw’isi.

Ariko amenyesha ko mubitero bimaze amezi bikorwa, Amerika yarashoboye gusambura uwo mugwi w’intagondwa wa Reta ya Kiyisilamu muri Iraki na Siriya.

Akamenyesha ko yasavye abo bategetsi begwa n’umutekano kubandanya ibitero kumpande zose kugira basangangure uwo mugwi w’iterabwoba.

XS
SM
MD
LG