Uko wahagera

Reta zunze ubumwe z'Amerika zarashikirije inama ya ONU ijejweamahoro n’umutekano integuro y’urwandiko rusaba gufatira ibihano bishasha Koreya ya ruguru.

Aho n’inyuma yaho ico gihugu giheruka kugerageza ivya nikleyeri hamwe no kurungika misile mu kirere.

Ivyo bibaye haheze umusi umwe gusa Reta y'Amerika n’Ubushinwa buzwi ko ari soma mbike na Koreya ya ruguru bemeranije gufatira ibindi bihano Koreya ya Ruguru.

N’inyuma kandi y’aho Minisitiri w’imigenderanire n’ayandi makungu w’Ubushinwa Wang Yi agendeye Amerika.

Mu misi iri imbere niho hategekanijwe amatora mu nama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kur’ico cemezo.

Ambassaderi w'Amerika muri ONU Samantha Power amenyesha ko mugihe ivyo bihano vyokwemezwa buzoba ar’ubutumwa butomoye kandi budasubirwamwo kuri reta ya Koreya ya ruguru.

Nawe ambasaderi w’Ubufaransa muri ONU François Delattre atangaza ko ivyo bihano bishasha bikenewe kugira bahashe ico gihugu kunyifato yaco no kukigarukana ku meza y’ibiganiro.

Bimwe mu biri mur’ivyo bihano n’uguhagarika urudandazwa rw’ibigwanisho hamwe no kwugara amakonte ya banke y’ico gihugu ari mu mabanki akomeye no kubuza ayo mabanki mpuzamakungu kwongera gukorana n’ico gihugu

XS
SM
MD
LG