Uko wahagera

USA: Abakandida Perezida Bazahangane Bate na ISIS?


Abakandida bariko baharanira ikibanza c’umukuru w’igihugu muri Reta zunze ubumwe z'Amerika barahuriza hamwe ku kibazo co kurwanyaumugwi w’intagondwa wa reta ya kiyisilamu.

Mugihe abo bakandida baba abo mu mugambwe w’aba republika n’aba demokrate bafise ivyo badahurizako mu bibazo vya politike, bose baremerenya ko ari nkenerwa ko Amerika igira uruhara rukomeye mu guhasha umugwi wa Reta ya Kiyislamu.

Umuhinga akurikirana politike y’ibindi bihugu Kenneth Pollack amenyesha ko ikintu nyamukuru umukuru w’igihugu mushasha akwiye gutahura aruko intambara yadutse muri Iraki ariyo yatumye umugwi w’iterabwoba wa Reta ya Kiyisilamu wigarurira ibice bitari bike vy’ico gihugu.

Avuga ko Amerika ikwiye gutorera umuti intambara ziriko zihuza aba Isilamu bo mu bwoko bw’aba Sunite hamwe n’aba Shiite.

Kuva aho amerika ikuriye akarenga muri Iraki, yaciye yugururira Irani urubuga rw’intambara ndetse n’umugwi w’intagondwa wa Reta ya Kiyisilamu ubona kuvuka

XS
SM
MD
LG