Uko wahagera

John Kerry Agerageza Kubohoza Umunyamerika


Sekereteri wa reta w'Amerika John Kerry
Sekereteri wa reta w'Amerika John Kerry

Sekereteri wa reta wa Reta zunze ubumwe z'Amerika John Kerry amenyesha ko hari amaraporo avuga ko igihugu ca Irani cataye mu mvuto umuvyeyi w’umunyamerika yari yarafashwe n’abategetsi ba Irani mu mwaka uheze.

Umukenyezi w’uwo mugabo azwi kw’izina rya Baquer Namazi amenyesha ko abategetsi ba Irani bahagaritse umugabo wiwe w’imyaka 80 kumusi wa mbere baca bamutwara mw’ibohero ryo mur’ico gihugu ryitwa Evin.

Uwo mukenyezi wiwe Effie Namazi amenyesha ko yegerageje kugira amanye amakuru kw’ihagarikwa ry’umugabo wiwe asanzwe afise ingwara y’umutima ariko ntivyakunze.

Mu kwezi kwa cumi abategetsi ba Irani barahagaritse umuhungu w’abo bavyeyi Siamak Namazi, ariko ntibatomoye impamvu bamufashe. Bose uko ari babiri bafise ubwenegihugu bubiri.

John Kerry yamenyesheje ko yamenye iryo fatwa rya Baquer Namazi kandi amenyesha ko ariko arabikurikirana hafi, n’igihe yariko yishura kubibazo vy’abasenateri b'Amerika ejo kuwa kabiri.


Mu kwezi kwa mbere, igihugu ca Iran cararekuye abanyamerika batanu imbere y’ishirwa mu ngiro ry’amasezerano yivya nukleyeri Irani casinyiraniye n’amakungu.

XS
SM
MD
LG