Uko wahagera

Kenya: Polisi Yabonye Imodoka Zitamenwa n'Amasasu


Igipolisi ca Kenya caronkejwe ibiduga mirongo itatu bitaraswa n’amasasu, kugira kibikoreshe mu bice vy’ico gihugu bibangamiwe n’ibikorwa vy’iterabwoba.

Ivyo bikoresho vya gisirikare vyatanzwe kw’itegeko rya Perezida wa Kenya Uhuru Kenyata kugira bakingire abapolisi kandi igipolisi kibikoreshe mu gice c’Uburaruko bushira ubuseruko no muzindi ntara kurwanya umugwi w’intagondwa wa Al Shabab.

Abahinga muvy’umutekano bamenyesha ko ari intambwe ishimishije ariko bakamenyesha ko Kenya gikwiriye kurishiriza gukora ibindi kugira gitsinde intambara n’umugwi wa Ala Shabab

Perezida Kenyata amenyesha ko yizeye ko igipolisi kigiye gukora kitarinze gusaba imfashanyo igisirikare n’izindi nzego zijejwe gucungera umutekano mur’ico gihugu

Igihugu ca Kenya cararungitse abasirikare muri Somaliya mu mwaka wa 2011 kurwanya umugwi w’iterabwoba wa al-Shabab. Uwo mugwi waciye urahira ko Kenya kitazoronka amahoro mugihe inteko zaco zizoba zikiri muri Somaliya.

XS
SM
MD
LG