Uko wahagera

HRW: Reta ya Etiyopiya Isabwa Guhagarika Ubwicnayi


美国运输部长赵小兰与中国总理李克强在北京中南海领导小组与中国总理李克强握手,他们随后举行了会谈(2018年4月26日)。
美国运输部长赵小兰与中国总理李克强在北京中南海领导小组与中国总理李克强握手,他们随后举行了会谈(2018年4月26日)。

Ishirahamwe riharanira agateka kazina muntu wo muri Amerika Human Rights Watch rimenyesha ko reta ya Etiyopiya iriko ikoresha inguvu mu kuburizamwo imyigaragamvyo ibera mu ntara ya Oromia naho abategetsi bo bemeza ko ibintu vyifashe neza.

Raporo iheruka gutangwa n’abatavugarumwe na reta ya Etiyopiya hamwe n’ayandi mashirahamwe ahanira agateka ka muntu amenyesha ko abantu barenga amajana abiri bamaze kwicwa kuva italiki cumi na zibiri z’ukwezi kwa cumi na kumwe. Abaharurwa mu bihumbi nabo bamaze gutabwa mu mvuto.

Iyo myigaragamvyo imaze amezi ane iriko ibera mu ntara ya Oromia yatanguye mugihe abanyagihugu bo mur’ako gace biyamiriza umugambi wa reta wo kwagura imbibe z’umugwa mukuru Addis-Abeba mu ntumbero kugwiza imigambi y’iterambere. Umugambi abanyagihugu biyamirije bavuga ko uzotuma batakaza amatongo yabo.

Human Right Watch imenyesha ko naho reta yavuze ko yahagaritse uwo mugambi, abanyagihugu babandanya bicwa n’inzego z’umutekano.

XS
SM
MD
LG