Uko wahagera

Burundi: Perezida Nkurunziza Azarekura Abanyororo 2000


Umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki-moon na Perezida Pierre Nkurunziza, tariki ya 23/02/2016.
Umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki-moon na Perezida Pierre Nkurunziza, tariki ya 23/02/2016.

Umukuru w'igihugu c'Uburundi Pierre Nkurunziza yafashe ingingo yo kurekura abanyororo bashika ibihumbi bibiri. Ivyo yabyemereye umunyamabanga mukuru wa ONU Ban-Ki moon igihe yamuha umubonano. Umukuru wa ONU mu rugendo rw'imisi ibiri yaramaze mu Burundi yavuze ko abanyepolitike harimwo na Perezida Nkurunziza biyemeje kuja mu biganiro bidakumira. Ban

Ki-moon yavuze ko be n’umukuru w’igihugu bayaze bumvikana kandi hari ivyavuye mu mubonano wabo. Yibukije ko Uburundi buri mu ndyane kandi ko ata karyo ko gutakaza kakiriho.

Umunyamabanga mukuru wa ONU yibukije ko abantu barenga ibihumbi 240 bahunze igihugu baja kurondera ubuhungiro mu bindi bihugu kuva mu kwezi kwa kane umwaka uheze. Yamenyesheje ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU ririko ryita ku rutare kugira haboneke umuti uciye mu nzira y’amahoro kandi ko afite icyizere.

Imboneza z’abanyepolitike b’Abarundi bategerezwa gufata ingingo za politike n’intambwe zituma abantu b’iki gihugu ciza cane basubira kuba mu mahoro mu gihugu kirangwa n’agateka ka zina muntu.

Umukuru w’igihugu yashimiye Ban Ki-moon, anibutsa ko Uburundi bufashanya na ONU mu bihugu bitari bike mu kurondera amahoro nk muri Somaliya, Satarafurika, Kote Divuwari, Sudani y’amajepfo n’ahandi. Perezida Nkurunziza yabwiye abamenyeshamakuru bimwe muvyo yaganiriye n’uwutwara ONU.

Muruko gufashanya, Perezida Nkurunziza yafashingingo y’ukurekura abanyororo n’imiburiburi 2000 nk’uko bivugwa n’umunyambanaga mukuru wa ONU yemeza ko afise icizere ko n’izindi ngingo zizofatwa. Mu kiringo c’ukwezi kumwe, bubaye ubugira kabiri intumwa za ONU ziza mu Burundi.

Ban Ki-moon yaraje inyuma y’intumwa z’akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kw’isi zagendeye Uburundi mu kwezi kwa mbere.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU riri mu mashirahamwe yafashije kugira haboneke amasezerano y'Arusha mu mwaka wa 2000. Ayo masezerano yatumye hahagarara intambara y’imyaka irenga

XS
SM
MD
LG