Uko wahagera

Ban Ki-moon Azofasha Sudani y'Epfo


Umunyamabanga mukuru wa O-N-U, Ban Ki-moon ariko yakirwa n'icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu c''Uburundi, Gaston Sindimwo, i Bujumbura, kw'italiki 22 z'ukwezsi kwa kabxiri, umwaka w'2016.
Umunyamabanga mukuru wa O-N-U, Ban Ki-moon ariko yakirwa n'icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu c''Uburundi, Gaston Sindimwo, i Bujumbura, kw'italiki 22 z'ukwezsi kwa kabxiri, umwaka w'2016.

Bitegekanijwe ko umunyambanga mukuru nw’ishirahamwe ONU, Ban Ki-moon, ashika ku murwa mukuru wa Sudani yo mu bumanuko, Juba ku musi wa kane. Uru ni urugendo rugira kabiri azoba agize muri ico gihugu kuva cikukiye mu mwaka w’2011.

Urugendo rwa Ban Ki-moon rubaye mu gihe gushira mu bikorwa amasezerano y’amahoro yateweko igikumu mu kwezi kw’umunani mu mwaka uheze, hagati ya Perezida Salva Kiir na Riek Machar yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu biriko birikwega.

Machar avurwako azoja ku murwa mukuru, Juba kwinjira muri reta y’ubumwe igihe inteko n’abapolisi biwe bagera ku bihumbi bitatu bazoba bari ku murwa mukuru.

Umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru wa Sudani yo mu bumanuko, Micheal Mukuei, yamenyesheje ko bazomwiganira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU, Ban Ki-moon ku twigoro turiko tugirwa gushika ubu na Reta ya Sudani yo mu bumanuko, ku vyerekeye gushira mu ngiro amasezerano y’amahoro.

Avuga ko bazomwiganira kandi ku ruhara rw’inteko zijejwe gucungera umutekano z’ishirahamwe ONU mu gihugu.

XS
SM
MD
LG