Uko wahagera

Burundi: Ban Ki-moon Yageze mu Burundi


Ban Ki-moon i Bujumbura
Ban Ki-moon i Bujumbura

Umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki-moon yatanguye urugendo rw'imisi ibiri azagirira mu Burundi.

Mu rugendo rwiwe, bitegekanijwe ko Ban Ki-moon abonana n’umukuru w’igihugu c’Uburrundi Pierre Nkurunziza, umushikiranganji w’imogenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Alain Nyamitwe, abanyepolitike batandukanye n’abaserukira amashirahamwe y’ukugarukira ku bari mu ngorane.

Inyuma y’uru rugendo, mu gatondo ko kuryu wa kabiri, Ban Ki-moon azoha ikiganiro abamenyeshamakuru ari kumwe n’umukuru w’igihugu mu biro vya Perezida Nkurunziza nyene.

Kuva hadutse indyane zadutse inyuma y’ingingo ya Perezida Nkurunziza y’ukwitoza ku ncuro ya gatatu abatavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga ko ari ikiringo yihagiye gihonyanga amasezerano ya Arusha n’ibwirizwa nshingiro, iyi ni incuro ya mbere umunyambanga mukuru wa ONU agendera Uburundi. Abagize akanama ka ONU kajejwe amahoro n’’umutekano kw’isi bamaze kugendera ico gihugu incuro zibiri zose mu kiringo kidashika umwaka.

Murino ndwi kandi hitezwe mu Burundi intumwa zigizwe n’abakuru b’ibihugu vy’umuryango w’ubumwe bwa Afurika mu rukurikirane rw’ingingo zafashwe n’uwo muryango mu ntumbero y’ugutorera umuti ibibazo biri mu Burundi.

XS
SM
MD
LG