Uko wahagera

Siriya: Amaseserano y'Agateganyo Yasinywe


Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n’amahanga John Kerry, yatanganje ko hapfunditswe amasezerano y’agateganyo hagati y'Amerika n’Uburusiya mu ntambara imaze imyaka itanu muri Siriya. Yamara ubwicanyi burabandanya kwibonekeza muri ico gihugu. Abantu batari bake barahitanywe n’ibitero bibiri vyiyitiriwe n’abagwanyi b’intagondwa b'umutwe wa Reta ya Kiyisilamu.

Amakuru yambere yatangaza kw’ibitero bibiri vya bombe zatewe mu ntara ya Homs ejo ku musi wa mungu, vyahitanye abantu 60. Aho ni inyuma yaho habaye ibindi bitero mugace ka Sayeda Zeinab mubumanuko bw’igisagara ca Damas vyahitanye abandi 50. Mu mpera z’ukwezi kwambere, amabombe yaturikiye hafi y’inyubakwa y’amasengesho y’abayisilamu baba Shiite yahitanye abandi bantu batari bake.

Ibitero vyanyuma vyabaye ejo ku musi wa mungu inyuma yaho John Kerry yavuga kw’ibitero hagati y’abasirikare ba Siriya n’imigwi y’abatavuga rumwe nabo bagiye guhagarika ibitero mumasaha make.

Reta y’Uburusiya, yoyo yasohoye itanganzo ridatomoye neza, aho yamenyesha k’umushikiranganji wayo ajejwe imigenderanire n’amahanga Sergei Lavrov yavuganye kw’iterephone na mugenzi we Kerry kuvyerekeye ivyo bita "ingingo zijanye n’ukwo gushira ibigwanisho hasi”.

XS
SM
MD
LG