Uko wahagera

USA: Umushoferi wa Uber Yishe Batandatu


Jason Dalton

Jason Dalton

Abajejwe umutekano muri reta ya Michigan muri Reta zunze ubumwe z'Amerika batangaza ko bafashe umwe mubantu bakekwa kuba baragize uruhara mubitero vyagizwe hakoreshejwe inkoho. Ibyo bitero byahitanye abantu batandatu, bikomeretsa abandi babiri.

Mugitondo c’ejo ku musi wa mungu, igipolisi cafashe uwitwa Jason Dalto afise imyaka 45, akaba ari umushoferi wamataxi bita Uber. Abategetsi bavuga ko muri kahise k’uwo mugabo ata bugizi bwa nabi yigeze.

Abategetsi bavuga k’ubwo bwicanyi bwatanguye mu nyubakwa ibamwo abantu aho umukenyezi umwe yakomereka cane inyuma yaho arasiwe incuro nyinshi. Haciye amasaha make, uwo muntu yamurashe yishe uwundi mugabo n’umwana wiwe aho bari bari mukigo kugurishirizwamwo imiduga mishasha.

Inyuma y’iminota mike, abandi bantu batanu bararaswa mu kigo c’inyubakwa badandarizamwo impfungugwa. Bane muribo baciye bitaba Imana. Umukangara w’imyaka 14 bari batangaje ko yapfuye yari mubitaro aho yariko avurigwa ibikomere bikomeye cane

Ntibiramenyekana neza impamvu y’ubwo bwicanyi

XS
SM
MD
LG