Uko wahagera

Burundi: Urwaruka Rwahagurukiye Amahoro


Urwaruka mu mugambi w'amahoro
Urwaruka mu mugambi w'amahoro

Inyuma y’imisi ibiri urwaruka ruserukira amashirahamwe yigenga n’imigambwe ruri mu biganiro ku murwa mukuru Bujumbura rumenyesha ko rwatahuye ico arico kubana mu mahoro. Irakoze Arno yaserukiye urwaruka rwo mu mugambwe UPRONA mur’ivyo biganiro. Ashikiriza ko yungutse vyinshi agiye kubwira urundi rwaruka.

Arno Irakoze asaba abitwaje ibigwanisho muri kino gihe na cane cane urwaruka rumwe rumwe rwo mu duce tumwe tumwe twa Bujumbura kubishira hasi kuko ataco bizorwungura.

N’uyu yaserukiye urwaruka rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD avuga ko yatahuye ko kubana mu mahoro hagati y’urwaruka ari umushinge wa kazoza karwo. Ndayishimiye Cyrus ababazwa n’ingene hari rumwe mu rwaruka rwegemiye CNDD-FDD rwomowe mu ma karitsiye arimwo umutekano muke. Ashikiriza ko we nabo basangiye ivyiyumviro bipfuza kubana mu mahoro n’urundi rwaruka rwegamiye iyindi migambwe.

Muri kino gihe urwaruka rwegamiye umugambwe MSD utemera ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza rwagirizwa n’ubutegetsi bw’Uburundi ko ruri mu barasa abajejwe umutekano rugatera amagerenade. Uwari yaserukiye urwo rwaruka mur’ivyo biganiro co kimwe n’uwari yaserukiye urwaruka rwo muri FRODEBU-Nyakuri ntibashimye kugira ico bashikirije.

Georges Niyungeko n’umwe mu batanze ivyigwa mur’ivyo biganiro. Ashikiriza ko urwaruka rwitavye ivyo biganiro vyibonekeje ko runyotewe amahoro yo soko ry’iterambere. Uwo muhinga agatera akamo abakoresha urwaruka ibikorwa bibi kubiheba.

Sostène Irumva wo mu muhari w'Abasukuti niwe cegera c’uwurongoye uwo mugambi wo guhimiriza urwaruka kubana mu mahoro no gutorera umuti amatati bidaciye mu ngimba. Amenyesha ko be n’urunani ruhurikiyemwo amashirahamwe y’urwaruka REJA

Uwo mugambi wo guhimirizwa urwaruka kugira rubane mu mahoro waberye mu ntara zitandatu z’igihugu arizo Kayanza, Bururi, Gitega, Karuzi; Bujumbura no mu gisagara ca Bujumbura.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:40 0:00

XS
SM
MD
LG