Uko wahagera

Prezida Obama Azogendera Cuba


Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, Barack Obama, yemeje uno musi ku wa kane ko azogira urugendo muri Cuba mu kwezi kuza.

Urwo rugendo rugamije gukomeza intambwe mu migenderanire hagati y'Amerika na Cuba, n’utwigoro dushobora gutuma ubuzima bw’Abanyacuba bwisununura. Mu vyo yanditse ku rubuga rwa Twitter, umushingantahe Obama yiyemeje kuzoshikiriza ibibazo vyerekeye agateka ka muntu mu biganiro n’abategetsi ba Cuba.

Urugendo rwa Perezida Obama ruzoba rubaye urwa mbere rw’umuprezida w'Amerika ari mu mabanga yiwe mu kiringo kiri hafi y’imyaka mirongo icenda. Iki n’ikindi kimenyetso c’ukwiyemeza kwa prezida Obama ku vyerekeye imigenderanire mishasha hagati ya Cuba n'Amerika n’uguhuza Abanyamerika n’Abanyacuba biciye mu kwagura ugutemberanira, ubudandaji, n’ugushobora kuronka amakuru.

Perezida Obama azoshika muri Cuba mu rugendo rw’imisi ibiri kw’italiki mirongo ibiri n’imwe z’ukwezi kwa gatatu, imbere yuko aja mu gihugu ca Argentine.

Urugendo rwa Obama muri Cuba rwerekana ko yiyemeje ku vyerekeye kubandanya kugira intambwe mu vyo azokwibukirwako igihe zoba yarangije amabanga yiwe y’umukuru w’igihugu.

XS
SM
MD
LG