Uko wahagera

Uganda: Abatora Bahanganye n'Igipolisi


Igipolisi ku murwa mukuru w’igihugu ca Uganda, barashe imyuka ibabaza mu maso ku batora bashavujwe n’ibibazo mu kibanza c’amatora, mu gihe Abanyayuganda bagiye mu matora.

Umumenyeshamakuru akorera Ijwi ry'Amerika, Lizabeth Paulat, avuga kw’abapolisi barashe imyuka ibabaza mu maso, inyuma yuko abantu babegereye, bidoga ko batashoboye gutora, kw’amasandugu y’amatora yakuwe mu kibanza c’amatora imbere yuko amasaha y’ugutora arangira.

Imbera yaho, komisiyo ijejwe amatora muri Uganda yatangaje kw’atora yatanguye ku gihe mu bice bitandukanye vyo mu gihugu, yamara iyo komisiyo imenyesha kw’igikorwa c’ugutora catevye mu bice bimwe bimwe vy’umurwa mukuru, no mu gice ca Wakiso.

Abantu barenga imiliyoni cumi n’itanu muri Uganda bariyandikishije mu matora y’umukuru w’igihugu, y’abashingamateka no mu nzego zo hasi.

Prezida Yoweri Museveni amaze imyaka mirongo itatu ari ku butegetsi, ariko ahiganwa n’abakandida batavuga rumwe nawe indwi, uwukomeye cane muribo akaba ari Kizza Besigye, yatsinzwe incuro zitatu imbere y’aya matora.

XS
SM
MD
LG