Uko wahagera

Uburundi Burarega u Rwanda Muri ONU


Reta y’Uburundi yandikiye umukuru w’inama mpuzamakungu ijejwe umutekano, amumenyesha kw’igihugu c’u Rwanda kimaze amezi atari make giha imyimenyerezo ya girikare hamwe n’ibigwanisho, abarundi b’impunzi barimwo abana.

Reta y’Uburundi ivuga kw’igihugu c’Urwanda giheza kikinjiza izo mpunzi mu gisirikare ku nguvu kugira ngo barungikwe mu Burundi kudurumbanya umutekano hamwe n’ugusenyura inzego za demokrasi.

Ivuga kandi ko kwinjiza impunzi zisanzwe zihanzwe na vyinshi mu mirwi irwana, hamwe no kuziha ibigwanisho, biteye kubiri n’amasezerano mpuzamakungu yateweko igikumu kw’igenekerezo rya 28 ry’ukwezi kw’indwi mu mwaka w’1951, agenga impunzi

Ivuga kw’ivyo biteye kubiri kandi n’amasezerano yerekekeye igihugu ca Republika ya Congo iharanira demokrasi hamwe n’intara, yatereweko igikumu I Addis Abeba, ku murwa mukuru w’igihugu ca Ethiopia kw’igenekerezo rya24 ry’ukwezi kwa kabiri mu mwaka w’2013; amasezerano yateweko igikumu n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu.

Mur’iryo kete Reta y’Uburundi iragaruka ku ngingo ya 5 yibutsa ibintu ibihugu vyo mur’ako karere bitegerezwa kwubahiriza, birimwo kutisuka mu biraba ikindi gihugu, kudashigikira imirwi yitwaje ibigwanisho, kwubahiriza ubwigenge hamwe n‘imbibe z’ibindi bihugu, kudaha indaro canke gukingira abantu bose bagirizwa ivyaha

Reta y”Uburundi iributsa kandi kw’inyifato y’igihugu c’u Rwanda yo kwinjiza mu gisirikare impunzi z’abarundi zifise imyaka iri musi ya 18, iteye kubiri n’amasezerano mpuzamakungu akingira abana, yateweko igikumu mu mwaka w’1989.

Reta Y’Uburundi ivuga kw’ishima kw’inama mpuzamakungu ijejwe umutekano ifise mur’iki gihe raport yemewe yashikirijwe n’abahinga b’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu, igaragaraza agasotoro ka reta y’u Rwanda, gashobora gutuma iyo ntara yose irangwamwo umutekano muke.

Reta y’Uburundi yateye akamo inama mpuzamakungu ijejwe umutekano, kayisaba gufata ingingo zikwiye, zotuma igihgu c’u Rwanda kidasubira gukora ibikorwa vyo kudurumbanya umutekano mu Burundi hamwe no kurenga ku masezerano y’umutekano mu ntara, cateyeko igikumu.

XS
SM
MD
LG