Uko wahagera

Uburusiya: Siriya Niyo Yovuga ku Bitero ku Mavuriro


Umwana w'Umunyasiriya yakomeretse mu gitero c'indege z'ingwano cagirizwa Uburusiya ku bitaro mu buraruko bwa Siriya
Umwana w'Umunyasiriya yakomeretse mu gitero c'indege z'ingwano cagirizwa Uburusiya ku bitaro mu buraruko bwa Siriya

Uburusiya bwiyamirije uno musi ku wa kabziri ivyagirizo vy’uko inteko zabwo ariko zagize uruhara mu bitero vy’indege z’ingwano vyihaye inkumbi ku bitaro mu buraruko bw’igihugu ca Siriya.

Ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U ryatangaje kw’ivyo bitero vyabaye ku musi wa mbere mu bibanza birimwo amavuriro n’amashule vyahitanye abasivile mirongo itanu, harimwo abana.

Ishirahamwe rijejwe agateka ka muntu, The Syrian Observatory for Human Rights, rikwirikirana ubwicanyi mu gihugu ca Siriya, rimenyesha kw’ivyo bitero vy’indege z’ingwano bibonwa ko vyagizwe n’indege z’ingwano z’Uburusiya.

Yamara umuvugizi wa prezida, Vladimir Putin, Dmitry Peskov yiyamirije ivyo vyagirizo, akavuga ko Reta ya Siriya ariyo yari gutanga amakuru ku wagize uruhara muri ivyo bitero.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-N-U, Ban Ki-moon yavuze ko ibitero nkivyo ari ukurenga n’impaka ku mategeko mpuzamakungu.

Abaryanya ubutegetsi bwa Reta ya Siriya, bagiriza inteko za prezida Bashar al-Assad ibitero vyasambuye ibitaro vy’ishirahmwe, Medecins Sans Frontieres, vyonona n’ibindi bibanza bitatu vy’ubuvuzi mu buraruko bwa Siriya.

XS
SM
MD
LG