Uko wahagera

Ubufaransa: Nicolas Sarkozy muri Sentare


Nicolas Sarkozy, yahoze ari perezida w'igihugu c'Ubufransa
Nicolas Sarkozy, yahoze ari perezida w'igihugu c'Ubufransa

Nicholas Sarkozy yahoze ari umukuru w’igihugu c’Ubufransa, ariko arasambishwa bifatiye ku marorerwa y’amafranga mu bifitaniye isano nakigoro ataco kashitseko k’ukurondera gusubira kwitoza mu mabanga y’umukuru w’igihugu mu mwaka w’2012.

Sarkozy yaserutse muri sentare ku murwa mukuru, Paris quno musi ku wa kabiri guhangana n’abacamanza bariko batohoza ivyagirizo vyuko ishirahamwe, Bygmalion, ryafashije Sarkozy n’abamufasha mu gikorwa c’ukwiyamamaza kunyegeza amafranga yakoreshejwe mu buryo butarekuriwe n’amategeko.

Abantu batari bake baza baragirijwe ivyaha muri iyo dosiye.

Sarkozy aracayoboye umugambwe, muri iki gihe witwa Les Republicains, mu rurirmi rw’igifransa, akaba ariko yitegurira kwitoza kuba prezida mu matora yo mu mwaka uza.

Sarkozy yahakanye ivyo yagirizwa.

XS
SM
MD
LG