Uko wahagera

Misiri: Boutros-Boutros Ghali Yitavye Imana


Boutros Boutros-Ghali yahoze ari umumyambanga mukuru wa ONU.
Boutros Boutros-Ghali yahoze ari umumyambanga mukuru wa ONU.

Boutros Boutros Ghali, yahoze ari umumyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, yitavye Imana.

Ivyo vyatangajwe n’umukuru w’urwego rwa ONU rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi uno musi ku wa kabiri.

Boutros Ghali, yabaye umunyamabanga mukuru agira uwa gatandatu w’ishirahamwe ONU.

Umunyepolitike akongera akaba umudiplomate, Boutros Ghali yavukiye mu gihugu ca Misiri, yabaye umunyamabanga mukuru wa ONU kuva mu mwaka wa 1992 gushika mu mwaka wa 1996. Yari yajanywe mu bitaro ku murwa mukuru wa Misiri, Cairo mu ndwi iheze.

Boutros-Boutros Ghali yaitabye Imana yari afise imyaka mirongo icenda n'itatu.

XS
SM
MD
LG