Uko wahagera

Somaliya: Umutegetsi Akomeye Yagandaguwe


Muri Somaliya, abanyagihugu babonye igitero ca bombe casambuye umuduga, bavuga ko cahitanye uwahoze ari umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi.

Umupolisi yari ari aho ico gitero cabereye, avuga kw’iyo bombe yari yatezwe musi y’umuduga wuyo Muhiyadin Mohamed Haji Ibrahim yahoze ari umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi ubu akaba yari umuhanuzi w’inama nshingamateka. Ico gitero cabaye kuri uno musi wambere itariki 15 z’ukwezi kwa kabiri, mukigwati kiri kumugwa mukuru wa Mogadishu ahitwa KM4.

Haji Ibrahim yari mumugambwe witwa KULAN. Abdulkadir Barnaamij umukuru w’uyo mugambwe akaba yabwiye Ijwi rya Amerika kw’ico gitero cagizwe kuri Ibrahim cabaye inyuma y’amasaha make avuye mu nama y’umugambwe kumugwa mukuru I Mogadishu.

Muri aka kanya ntawuriyitira ico gitero ariko bamwe bavuga ko cibonekeza neza kw’ari kimwe mu bitero bigigwa n’abagwanyi b’iterabwoba ba Al-Shabab.

XS
SM
MD
LG