Uko wahagera

Abanyagihugu ba Palesitina batanu barishwe n’inzego zijejwe umutekano za Isirayeli uwundi arakomereka bikomeye cane mu ntara ya Sijorudaniya.

Igisirikare ca Isirayeli camenyesheje ejo kumusi wa mungu ko igisirikare carashe babiri inyuma yaho batanguriye kurasa abasirikare ba Isirayeli hafi y’igisagara ca Yerusalemu.

Kur’uyo musi nyene imiyabaga ibiri y’abanyepalestina yarateye amabuye imiduga irengana mu gisagara ca Jenin mu ntara ya Sijorudaniya.

Abasirikare ba Isirayeli bahashitse umwe mur’iyo miyabaga yaciye atangura kurasa abasirikare nabo baca barabica.

Uwugira gatanu yishwe ariko ageregeza gucumita imbugita umupolisi wa Isirayeli mu micungararo ya Yerusalemu.

Kuva mu kwezi kwa cumi umwaka uheze abanyesirayeli 27 nibo bamaze gusiga ubuzima mur’izo ntureka mugihe kuruhande rw’abanyepalesitina abashika 160 bamaze kwicwa n’inzego z’umutekano za Isirayeli.



XS
SM
MD
LG