Uko wahagera

USA: Obama Asaba Putin Guhagarika Ibitero kuri Siriya


Perezida wa Reta zunzubumwe z'Amerika Barack Obama asaba mugenzi we w’Uburusiya Vladimir Putin guhagarika ibitero vy’indege ku barwanya reta ya Siriya.

Ibiro vya Perezida Obama vyamenyesheje ejo kuwa mungu ko abo bategetsi babiri baganiriye kuri telephone aho bibukanije amasezerano yumvikanyweko n’ibihugu 17 mvamakungu biriko birafasha gutorera umuti intambara muri Siriya.

Ivyo biganiro hagati y’abo bategetsi bije inyuma yaho haheze imisi Sekereteri wa reta w'Amerika John Kerry na mugenzi we w’Uburusiya Sergei Lavrov batangaje ko bagiye gushikiriza umugambi wo guhagarika intambara muri Siriya. Bihaye ikiringo c’indwi imwe, mu nyuma uyo mugambi uce utangura gushirwa mungiro.

Uburusiya bwatanguye ibitero vy’indege muri Siriya mu kwezi kwa cenda buvuga ko buriko burwanya umugwi w’intagondwa wa Reta ya Kiyisilamu.

Ariko ibindi bihugu rutura harimwo n'Amerika bavuga ko vyinshi mur’ivyo bitero vy’indege bitumbera abarwanya reta ya Perezida Bashar al-Assad.

XS
SM
MD
LG