Uko wahagera

Umucamanza Wa Sentare Nkuru Muri Amerika, Yaritavye Umuremyi


Antonin Scalia, umwe mu bacamanza ba sentare nkuru ya Amerika
Antonin Scalia, umwe mu bacamanza ba sentare nkuru ya Amerika

Umwe mu bacamanza bakuru ba reta ya Amerika icenda, Antonin Scalia, yar’amaze imyaka myinshi mur’ayo mabanga kurusha abandi, yaritavye umuremyi ku musi wa gatandatu itariki 13 y’ukwezi kwa kabiri.

Scalia yasandavye igihe yar’aryamye, ari mu kibanza co kuruhukiramwo kiri mu bumanuko bushira uburengero bw’intara ya Texas, citwa Cibolo Creek Ranch.

Umushingantahe Scalia yar’afise imyaka 79, yar’azwi nk’umuconservateur akomeye, yagenywe na President Ronald Reagan mur’ayo mabanga mu mwaka w’1986.

President Barack Obama yaciye arungika ubutumwa bwo guhoza umuryango wa Scalia, yongera arashikiriza ijambo kuri television, aca aratangaza kw’agiye kugena umucamanza, azomusubirira.

President Obama yavuze ko Scalia yar’icambwe yanonosoye amategeko kandi yagize uruhara ruhambaye cane mu gushinga amateko muri reta zunze ubumwe za amerika

Igenwa ry’uwuzomusubirira, ntirizokworoha.

Senateri arongoye umurwi w’abasenateri bahurikiye mu mugambwe w’abarepublika, Mitch McConnnel yaciye yiyamiriza bunonyene, umugambi wa president Barack Obama wo kugena umucamanza azosubirira Scalia. Yavuze kw’abanyagihugu bakwiye kugira ico bavuze kw’igenwa ry’umucamanza mushasha.

Yamara senateri Patrick Leahy ari mu murwi w’abasenateri bajejwe ibibazo vy’ubutungane, yavuze kw’abaseteri bafise amabanga yo kwubahiriza ibwirizwa shingiro, ngo arinaco gituma bategerezwa kwemeza umucamanza azoba yagenywe na Presisent Barack Obama.

XS
SM
MD
LG