Uko wahagera

USA: Hakenewe Italiki Nshya y'ibiganiro by'Abarundi


Abahoze ari ba Perezida mu Burundi, Buyoya, na Ntiibantunganya bavugana na Thomas Perriello. Tariki ya 28/12/2015 Entebbe muri Uganda

Abahoze ari ba Perezida mu Burundi, Buyoya, na Ntiibantunganya bavugana na Thomas Perriello. Tariki ya 28/12/2015 Entebbe muri Uganda

Intumwa idasanzwe ya Reta zunze ubumwe z'Amerika mu karere k’ibiyaga binini, Thomas Perriello azogendera ibihugu vya Angola, Afurika y’epfo, Uburundi, Republika iharanira Demokarasi ya Kongo na Tanzaniya.

Urugendo rwa Perriello ruzoshimikira ku vyerekeye gufasha utwigoro tw’akarere tw’ugutorera inyishu ibibazo biri mu Burundi, n’ugushigikira amatora yimirije muri Repubulika iharanira demorasi ya Kongo.

Reta y'Amerika ibandanya kwemera ko gusubira kubandanya ibiganiro bihagarikiwe n’amakungu hagati y’impande zose zerwa n’ikibazo c’Uburundi ariyo nzira nziza y’ugutorera inyishu ibibazo bihari muri iki gihe.

Reta zunze ubumwe z'Amerika isaba umuryango w’ibihugu vyo mu karere ko muri Afurika yo mu buseruko gutegekanya bidatevye italiki y’ugusubira kubandanya, kwubakira ku nama yabaye kw’italiki 28 z’ukwezi kw’icumi na kabiri mu gisagara ca Entebbe, mu gihugu ca Uganda.

Intumwa idasanzwe y'Amerika mu karere k’ibiyaga binini by'Afurika, Perriello azovugana n’abategetsi bo mu karere n’aberwa n’ikibazo c’Uburundi hamwe n’ubuyobozi b’umuryango w’ibihugu vyo mu karere ko muri Afurika yo mu buseruko, ku ntambwe zofatwa kugira ibiganiro bibandanye.

Vyongeye Reta y'Amerika irashigikiye yivuye inyuma utwigoro tw’umuryango w’ubumwe bwa Afurika tw’ugushira imbere ibiganiro, n’ukurungika abandi bakozi bajejwe gukwirikirana ivyerekeye agateka ka muntu mu Burundi.

Reta zunze ubumwe za Amerika zariyemeje kandi gushigikira iyubahirizwa ry’ibwirizwa shingiro ku vyerekeye gutegekanya n’ukugirisha amatora mu mahoro muri Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo.

XS
SM
MD
LG