Uko wahagera

Mali: Abasilikare Batatu ba ONU Barishwe


Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu gihugu ca Mali bimenyesha ko kw’inteko zijejwe gucungera umutekano za ONU, zitatu zishwe uno musi ku wa gatanu mu gitero cabereye kw’ikambi y’izo nteko mu gisagara ca Kidal mu buraruko bw’igihugu ca Mali.

Umukuru w’inteko z’ishirahamwe ONU muri Mali, Mahamat Saleh Annadif, yatangaje kw’abandi bantu mirongo itatu bakomeretse mu gitero cabaye mu gitondo ca kare c’uno musi ku wa gatanu. Amakuru atangwa n’inteko za MINUSMA, amenyesha ko abikekwa kw’ari intagondwa z’abayisilamu barashe amarokete kuri iyo kambi.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafransa, Agence France Presse, rimenyesha kw’inteko zijejwe gucungera umutekano zapfuye ziva mu gihugu ca Guinee.

Mahamat Saleh Annadif yiyamirije ico gitero mw’itangazo yashikirije. Nta wiyitiriye ico gitero buno nyene. Imirwi itari mike y’intagondwa z’abayisilamu ikorera mu buraruko bwa Mali.

XS
SM
MD
LG