Uko wahagera

NGOZI: Ibiganiro Bihuza Abarundi Birabandanya


Ibiganiro bihuza abarundi
Ibiganiro bihuza abarundi

Ibiganiro bihuza abarundi hagati mu gihugu, birabandanya. Kw’igenekerezo rya 11 ukwezi kwa kabiri, abarundi bo mu ntara ya Ngozi, barashikirije ibintu bifuza ko bihinduka.

Bavuga ko guhindura ibwirizwa nshingiro, hagakurwamwo ibiringo bigenerwa umukuru w’igihugu, hamwe no gufuta burundu akarusho, k’uko abahoze ari abakuru b’igihugu, baba abakenguzamateka ubuzima bwabo bwose, biri mu bintu vyasabwe n’abitavye ibiganiro bihuza abarundi mu mu ntara ya Ngozi.

Hari n’abasavye kw’ amakampi y’abateshejwe izabo afutwa: Basigura ko mur’ayo makampi, habonetsemwo abantu benshi baje mu mirwi irwana.

Agathon Rwasa icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka yari yitavye ivyo biganiro vyabereye mu ntara ya Ngozi, avukamwo.

Avuga kandi kw’inyungu z’igihugu, arizo zikwiye gushirwa imbere, maze, n’imigambwe igatunganywa neza kurusha.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:03 0:00

XS
SM
MD
LG