Uko wahagera

Nijeriya: Umuyobozi w'Umushiite Yarasenyewe

  • VOA Africa

Sheikh Ibrahim Zakzaky

Sheikh Ibrahim Zakzaky

Ibisigarira vy’inyubakwa y’umutegetsi akomeye w’umuyisilamu w’umu Shi’ite, Sheikh Ibrahim Zakzaky nivyo umuntu ashobora kubona inyuma yuko iyo nyubakwa isambuwe n’ibimashini vya buldozeri mu gisagara ca Zaria mu buraruko bw’igihugu ca Nijeriya.

Inyubakwa ya Sheikh Ibrahim Zakzaky yasenyuwe inyuma y’imisi itatu y’ugutana mu mitwe hagati y’igisirikare ca Nigeria n’abarwanyi b’aba Shi’ite mu gisagara ca Zaria mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka uheze.

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu avuga ko aba Shi’ite amajana n’amajana bishwe.

Igisirikare caranse gutanga igitigiri c’aba Shi’ite bapfuye yamara camenyesheje ko umusirikare yishwe, abandi batanu barakomereka.

Ubwicanyi n’inkurikizi zabwo bishobora gutuma Nijeriya cicamwo ibice mu gihe kiriko girwanya umurwi w’intagondwa z’abayisilamu b’aba Sunni, Boko Haram. Uyu ni umuhari w’abashaka kwiyonkora kuri Nijeriya mu bumanuko bushira ubuseruko.

XS
SM
MD
LG