Uko wahagera

USA: Kurwanya ISIS Bitegerezwa Kwongerezwa

  • VOA Africa

Minisitiri w'ingabo w'Amerika Ash Carter

Minisitiri w'ingabo w'Amerika Ash Carter

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, Ash Carter, ku musi wa kane, yasavye abayobozi ba OTAN gufasha kurushiriza mu vyerekeye igisirikare n’amafranga kugira igikorwa c’ukurwanya Reta ya kiyisilamu kigende neza.

Ash Carter yabonanye n’abashikiranganji bajejwe kwivuna abansi bo mu bihugu bitari bikei Bruxelles mu Bubiligi, aho bavuze ko hari bimwe mu bihugu amazina yabo atatangajwe biri mu runani ruyobowe na Amerika ataco biriko birakora.

Ubuholande bwatangaje mu kwezi guheze ko buzokwagura uruhara rwabwo mu rugamba rw’ukurwanya Reta ya kiyisilamu muri Iraki na Siriya, mu gihe Arabiya Sawudite imenyesha ko ishobora kurungika inteko zirwanira ku butaka muri Siriya.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w'Amerika, Ash Carter avuga ko azoshikiriza umugambi ugenewe kwihutisha intererano, mu rugamba rw’ukurwanya Reta ya ki Islamu.

XS
SM
MD
LG