Uko wahagera

Amerika Irega u Rwanda Guteza Umutekano Muke Mu Burundi


Linda Thomas-Greenfield

Linda Thomas-Greenfield

Reta zunze ubumwe z’Amerika ziratunga urutoke igihugu c’u Rwanda. Reta ya Amerika ivuga kw’icogihugu gifise uruhara mu bikorwa vyo durumbanya umutekano mu Burundi.

Abategetsi babiri bakomeye bo muri reta ya Amerika, baragiriza u Rwanda ko ruriko rurahungabanya umutekano mu gihugu kibanyi c’Uburundi, gisanzwe kiri mu bibazo vya politike, bimaze guhitana ubuzima bw’abatari bake.

Icegera c’umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Amerika ajejwe intara ya Afurika Linda Thomas-Greenfield, yaratangaje kw’atewe amakenga n’urwo ruhara rw’u Rwanda, ku mutekano muke urwangwa mu Burundi. Ivyo yabivuze mw’ijambo yashikirije umurwi w’abasenateri bo muri Amerika ujejwe imigenderanire n’amakungu, ejo ku musi wa gatatu itariki 9 y’ukwezi kwa kabiri.

Uwundi mutegetsi akomeye muri Amerika yavuze kur’ urwo ruhara rw’igihugu c’Urwanda mu guhungabanya umutekano mu Burundi, n’intumwa idasanzwe ya Perezida Barack Obama mu ntara ya Afurika y’ibiyaga binini. Umushingantahe Thomas Perriello yatangaje ko hari amaraporo yizigiwe yerekana kw’ abategetsi b’u Rwanda bariko barinjiza mu mirwi y’abarwanyi, impunzi z’abarundi ziri mu makambi y’impunzi mu Rwanda, kugira zirungikwe kuja gukora ibitero mu Burundi, ku ruhande rw’abatavuga rumwe na reta y’Uburundi.

Umushingantahe Perriello avuga kandi ko mur’izo mpunzi z’abarundi ziriko zigirishwa imyimenyerezo ya gisirikare, harimwo abana, nk’uko yavyivugiye agira ati : “Hari amakuru yemewe avuga ko mu mpunzi z’abarundi, harimwo n’abana binjizwa mu mirwi y’abagwanya ubutegetsi,bakurwa mur’ayo makampi, kugira barungikwe kugwana ku ruhande rw’imirwi itavuga rumewe na reta. Ati jewe ubwanje, nariboneye abana b’abarundi, bavuga ko binjijwe mu mirwi irwanya ubutegetsi mu makambi y’impunzi mu Rwanda, bemeje ko bahawe imyimenyerezo ya gisirikare, kugira baje gutera Uburundi, babanje gucishwa mu gihugu ca Repubulika ya Congo iharanira Demokarasi ya Congo, kabanaronswa na za karangamuntu z’amagendu zo mur’ico gihugu”

XS
SM
MD
LG