Uko wahagera

Uganda: Iterabwoba Ririyongera Imbere y'Amatora


Umukandida atavuga rumwe na Reta, Patrick Amama Mbabazi ariko yiyamamariza amatora
Umukandida atavuga rumwe na Reta, Patrick Amama Mbabazi ariko yiyamamariza amatora

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Human Rights Watch risaba abategetsi b’igihugu ca Uganda kuvuga ku mugaragaro kw’inteko zijejwe umutekano zitegerezwa gukingira ubwigenge bw’ukugira amakoraniro, n’uburenganzira bw’ukugira imyiyerekano mu mahoro mu misi y’imbere y’amatora azoba mu gihugu kw’italiki cumi n’umunani z’uku nkwezi kwa kabiri.

Ishirahamwe Human Rights Watch ryasohoye iryo tangazo uno musi ku wa gatatu, mu kuvuga ko gutera ubwoba uwariwe wese ashobora kwiyamiriza ugusubira gutsinda ikindi kiringo kwa prezida Museveni biriko bitera vyiyongera.

Ishirahamwe Human Rights Watch rivugako mu misi ya vuba, Kasule Lumumba umutegetsi akomeye mu mugambwe uri ku butegetsi, yafashwe amajwi abwira abanyagihugu mu rurimi rw’iki Luganda, niyo abantu biyamiriza ibizoba bivuye mu matora, abana babo bazokwicwa.

Ishirahamwe Human Rights Watch ryaratohoje amadosiye y’abana barashwe n’inteko zijejwe umutekano mu myiyerekano muri Uganda, harimwo umwana w’imyaka ibiri mu mwaka w’2011 n’umwana w’imyaka cumi n’itatu mu mwaka w’2009.

XS
SM
MD
LG