Uko wahagera

Muri Demokarasi Nyakuri Ubutegetsi Burahinduka

  • VOA Africa

Icegera c'umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku bibazo vyerekeye akarere ka Afrika, Linda Thomas

Icegera c'umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku bibazo vyerekeye akarere ka Afrika, Linda Thomas

Icegera c’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku bibazo vyerekeye akarere ka Afrika, Linda Thomas-Greenfield, amenyesha ko Reta ya prezida Obama iriko igerageza gutuma ibiringo vyategekanijwe n’ibwirizwa shingiro vyubahirizwa mu karere k’ibiyaga binini.

Linda Thomas-Greenfield avuga ko batemera kw’Amareta yohindura ibwirizwa shingiro kugira bifashe abakuru b’ibihugu kuguma ku butegetsi mu kiringo kirengeye igitegekanywa n’ibwirizwa shingiro.

Ivyo Linda Thomas-Greenfield yabishikirije abamenyeshamakuru b’Abanyafrika kuri telephone ari I Washington.

Linda Thomas-Greenfield amenyesha ko Reta ya America iriko ikorana n’akarere k’ibiyaga binini n’amakungu kugira yumvishe abakuru b’ibihugu vyo muri ako karere ko kugira demokarasi ikomere, abanyagihugu bakeneye kw’abategetsi bahinduka. Ko demokarasi nyakuru isaba kw’amareta ahindura abategetsi.

Umupfasoni Linda Thomas-Greenfied menyesha ko ku vyerekeye Uburundi, babonye inkurikizi y’ingingo ya prezida y’ukuguma ku butegetsi mu kiringo kirengeye igitegekanywa n’ibwirizwa shingiro.

Amenyesha ko bariko bakora kugira bumvishe prezida Kabila kwubahiriza ibwirizwa shingiro.

Avuga ko berekanye ko batashimye na gato ingingo yafashwe mu Rwanda y’ukwongereza ibiringo vya prezida Kagame.

XS
SM
MD
LG