Uko wahagera

Misiri: Umunyeshuri w'Umutaliyano Yarishwe


Igihugu ca Misiri kirahakana ko ataruhara gifise mw’iyicwa ry’umunyeshure yamuka mu Butaliyano yari yagiye mu Misiri kugira ubushakashatsi.

Umushikiranganji wa Misiri w’intwaro yo hagati yarahakanye ejo kuwa mbere ko igihucu ke atari co cyishe uwo munyeshure yitwa Giulio Regeni wo muri Kaminuza ya Cambridge yo mu Bwongereza aciwe ibihimba vy’umubiri.

Ikiziga ciwe catowe italiki zitatu z’uku kwezi kwa kabiri muri Misiri. Abaharanira agateka ka muntu bamenyesha ko yafashwe n’igipolisi ca Misiri mu nyuma kiramukubagura.

Reta y’Ubutaliyano yamye isaba ko reta ya Misiri yokwemera bagafashanya gutohoza uwamwishe, ariko ntibirakunda.

XS
SM
MD
LG