Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Ibandanya Kugagaza


Umutegetsi mukuru wa Koreya ya ruguru, Kim Jong Un
Umutegetsi mukuru wa Koreya ya ruguru, Kim Jong Un

Akagagazo k’igihugu ca Koreya ya ruguru inyuma yuko ico gihugu cityamirijwe n’amakungu kubera carungitse mu kirere rokete ku musi w’Imana uheze, hamwe n’igeragezwa ry’ico gihugu, mu kwezi guheze, ry’ikirwanisho ruhonyanganda biriko bikomeza inguvu z’umutegetsi mukuru, Kim Jong Un, hagati mu gihugu no mu makungu.

Mu gihe Kim Jong Un yerekanwa mu binyamakuru, radiyo na televiziyo vya Reta nk’umutegetsi akomeye akingira ubwigenge bw’igihugu.

Irungikwa mu kirere rya Rokete ku musi w’Imana bibonwa mu gihugu nk’intambwe ikomeye mu buhinga bwa none.

Ibinyamakuru, amaradiyo na Televiziyo vya Reta vyarasohoye ibiganiro n’abanya Koreya ya ruguru bariko bahayagiza irungikwa mu kirerere rya Rokete nk’ikimenyetso c’intambwe mu vyerekeye ubuhinga bwa none.

Urwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U rujejwe kwubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi rwayiramirije Koreya ya ruguru kuba yagerageje ubuhinga bwa misile balistike bushobora gufasha gukora ubuhinga bw’ugutwara ibirwanisho ruhonyanganda.

XS
SM
MD
LG