Uko wahagera

AU: Ibiganiro Bitegerezwa Guhabwa Akaryo


Icegera c’umuyobozi w’urwego nyobozi ry’umuryango w’Ubumwe bwa Afurika, Erastus Mwencha yatangaje kw’urwo rwego rutahevye Abarundi mu nama y’umuryango w’Ubumwe bwa Afurika yabaye mu ndwiw iheze mu kutarungika inteko zijejwe gucungera umutekano mu gihugu.

Ivyo avuga bitandukanye nivyo abatavuga rumwe na reta y’Uburundi bavuga.

Umuyobozi w’umugambwe FRODEBU, Jean Minani, yagirije umuryango w’ubumwe bwa Afrika n’amakungu ko vyahaye umugongo Abarundi, mu gihe abanyagihugu bariko bicwa.

Mwencha yasavye Minani gusoma neza urwandiko rwasohowe inyuma y’inama y’umuryango w’Ubumwe bwa Afurika.

Umuryango w’ubumwe bwa Afurika watangaje ku musi wa gatanu w’indwi iheze ko wagenye abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika batanu bazogerageza kwumvisha reta y’Uburundi kwemera inteko zijejwe gucungera umutekano, prezida w’Uburundi Pierre Nkurunziza yiyamirije.

Amenyesha kw’abategetsi b’ibihugu vyo muri Afurika baganiye ivyerekeye Uburundi mu buryo bunonosoye, bakaba bafashe ingingo y’uguha akaryo ibiganiro imbere y’ukurungika inteko zijejwe gucungera umutekano.

Mwencha amenyesha kw’ikibazo c’Uburundi caganiwe, ko reta y’Uburundi yashikirije ivyumviro vyayo co kimwe n’akanama kajejwe amahoro n’umutekano k’umuryango w’Ubumwe bwa Afrika.

Mwencha avuga ko abategetsi b’Uburundi batangaje ko bariko baragira intambwe mu biganiro ata numwe bikumira, kandi ko amahoro n’umutekano biriko biragira intambwe mu gihugu. Bityo, kubera izo mvo ibihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa Afurika vyafashe ingingo y’uguha Uburundi uwundi mwanya.

XS
SM
MD
LG