Uko wahagera

Kenya: Uber Iteye Ibibazo i Nairobi


Isosiyete yo gutwara abagenzi Uber ku cicaro cayo mu gisagara ca San Francisco muri Reta ya Californiya, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika
Isosiyete yo gutwara abagenzi Uber ku cicaro cayo mu gisagara ca San Francisco muri Reta ya Californiya, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika

Abadereva b’amatagisi i Nairobi muri Kenya ntibashimishishwa n’isosiyete y’amatagisi Uber yaje kuhakorera mu kwezi kwa mbere, umwaka w’2015. Abadereva b’amatagisi bavugako Sosiyete Uber igeramira ibiciro, igatuma batakaza imirimo yabo.

Abakoresha amatagisi, ku musi wa gatatu, basavye reta y’igihugu ca Kenya kubuza sosiyete Uber gukora. Iyo sosiyete irakundwa cane kubera ibiciro vyayo bizimbutse.

Abagendesha amatagisi muri Kenya bashaka kugendera ku biciro bimwe.

Mu rwandiko yashikirije, sosiyete Uber yamenyesheje kw’ubuhinga bwa none bwayo bashobora kubusangira n’abandi bagendesha amatagisi kugira bibafashe kuronka inyungu.

XS
SM
MD
LG