Uko wahagera

Somaliya: Al-Shabab mu Gisagara ca Marka


Umujyi wa Marka muri Somalia
Umujyi wa Marka muri Somalia

Umurwi w’intagondwa z’abayisilamu, al-Shabab wafashe igisagara ca Marka kiri mu bumanuko bwa Somaliya, nkuko vyatangajwe n’ababa muri ico gisagara uno musi ku wa gatanu.

Ivyo vyabaye inyuma yuko inteko z’Umuryango w’ubumwe bwa Afurika zivuye muri ico gisagara.

Umwe mu baba mu gisagara ca Marka avuga kw’abarwanyi b’umurwi al-Shabab bitwaje ibirwanisho bashinze ibendera mu kibanza kirimwo ikambi y’igipolisi no ku cicaro gikuru c’abayobozi b’ico gisagara.

Ugufata iigisagara ca Marka kw’umurwi al-Shabab bibaye umusi umwe inyuma yuko igisirikare ca reta ya Somaliya n’igipolisi vyari mu gisagara ca Marka kiri ku bilometero mirongo irindwi mu bumanuko bw’umurwa mukuru, Mogadisho, bihavuye.

Ntaco abategetsi b’Umuryango w’ubumwe bwa Afurika batangaje buno nyene.

XS
SM
MD
LG